Amakuru
5 juin 2024

Birateye isoni ko leta yinginga abivye amahera mu kigega ca leta kuyasubiza (OLUCOME)

Mu bakozi leta ihemba ku kwezi ku kwezi harimwo abahembwa batabaho. Ubushikiranganji bw’Abakozi ba leta buremeza ko bumaze kubona ko hari amamiliyaridi yibwa mu kigega ca leta muri ubwo buryo.

Mbe ko haheze imyaka ico kibazo kivugwa, hoba habuze iki kugira ababikora bahashwe kandi ntibisubire ?