Amakuru
30 janvier 2024

Birateye agahinda kubona isoko nkuru ya Bujumbura itarasubirwamwo (OLUCOME)

Abadandaza baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura haraciye imyaka 11 bakwiye gushumbushwa. Bisabwa na Jean Nduwimana, umuvugizi w’ishirahamwe OLUCOME. Akaba yabisavye ku munsi wa gatanu w’indwi iheze. Hari mu kiganiro n’abamenyeshamakuru caremeshejwe n’iryo shirahamwe. Jean Nduwimana ababazwa kandi ko gushika ubu isoko nkuru ya Bujumbura itarasanurwa.