Amakuru
23 juin 2021

Birakenewe ko imigenderanire hagati ya leta y’Uburundi n’umuryango w’ibihugu vya Buraya isubira ikabaho

Birakenewe ko imigenderanire hagati ya leta y’Uburundi n’umuryango w’ibihugu vya Buraya isubira ikabaho, ariko rero abategetsi b’Uburundi bategerezwa kubanza gukurikiza ivyo basabwe mu 2016 mu bijanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu. Lewis Mudge, arongoye ishirahamwe Human Rights Watch muri Afrika yo hagati, amenyesha ko ubutegetsi bwa Gitega butegerezwa kubandanya bwerekana ko bushaka ko iyo migenderanire isubira mu kureka abantu bakishira bakizana. Iryo shirahamwe rimenyesha ko rishigikiye ko iyo migenderanire isubira ariko babanje kwisunga ivyo basabwa.