Amakuru
9 février 2022

Amerika n’Uburaya birihenda cane gukura ibihano ku Burundi kubera amabi akihakorerwa

Ubumwe bwa Buraya bwimirije kugira nka leta zunze ubumwe za Amerika mu gukuraho ibihano bijanye n’ubutunzi bwari bwafatiye leta y’Uburundi kuva mu 2016. Ubumwe bwa Buraya buvuga ko iyo ngingo yafashwe kubera agateka ka zina muntu gasigaye kubahirijwe. Ariko rero ivyo ngo si vyo. Bihakanwa n’ishirahamwe Human Rights Watch rivuga ko Abanyamerika n’Abanyaburaya bose bihenda. Kubwa Lewis Mudge, ajejwe ibiro vya Afrika yo hagati muri iryo shirahamwe, ngo nta mpinduka na nto yibonekeza mu Burundi, kuko amabi y’agahomerabunwa akihakorerwa.