Amakuru
19 septembre 2022

Igenwa rya Ndirakobuca mu kibanza c’umushikiranganji wa Mbere ryerekana ko ata kigiye guhinduka

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch rirashima ingingo yo kubogoza uwahoze ari umushikiranganji wa Mbere Alain Guillaume Bunyoni. Mw’itangazo bashize ahabona kuri uyu wa mbere, Lewis Mudge, arongoye igisata c’akarere ka Afrika yo hagati muri iryo shirahamwe, aranegura igenwa ry’uwamusubiriye muri ico kibanza ari we Gervais Ndirakobuca. Lewis Mudge abona ko iyo mpinduka ishobora kubandanya isubiza inyuma ibijanye n’iyubahirizwa ry’uburenganzira bwa kiremwa muntu.