Amakuru
14 janvier 2023

Bamwe mu bishe birya bibondo bishinguwe kw’Ibubu bari mu ndongozi z’igihugu

Abiciwe ababo mw’ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu mwaka w’1993 ntibashobora kuronswa uruhusha rwo kwibuka ababo, kuko ababiciye abantu ubu bari mu nzego zitwara igihugu. Bivugwa na Liliane Ninderera, arongoye ishirahamwe AC-Génocide ishami ryo muri Suède. Biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye itariki 11 Nzero. Risaba Abarundi kwibuka ko inzira y’ubutungane ari yo yonyene yotuma Uburundi bwogorora, abakoze ihonyabwoko bagashengezwa.