Amakuru
7 octobre 2021

Bamwe mu bategetsi mu gisata c’ubutungane baracanana ko Christa Kaneza arekurwa

Ku wa 27 Nyakanga uyu mwaka, Sentare isubira mwo imanza ya Muha yarafashe ingingo yo kurekura ivy’agateganyo Christa Kaneza apfunzwe yagirizwa kugira uruhara mw’igandagurwa ry’umugabo wiwe Thierry Kubwimana. Ariko bugize incuro ya kabiri yankirwa gusohoka ibohero rya Mpimba kandi ubutungane bwamurekuye. Mu muryango wiwe ntibatahura igituma agipfunzwe. Bagatunga urutoke umushikirizamanza akukira sentare isubiramwo imanza ya Muha ko ariwe ariko aritoza utunyoni.