Amakuru
24 septembre 2021

Bamwe mu banyepolitike n’abo mu mashirahamwe yigenga bagirizwa kuba mu bagira iterabwoba

Umushikirizamanza mukuru wa Republika aragiriza abanyepolitike batavuga rumwe na Leta n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bamwe bamwe ko aribo bagize ibitero vy’iterabwoba vyabaye imbere y’itariki 20 y’ukwezi kwa Nyakanga bigahitana abantu. Sylvestre Nyandwi yabishikirije mw’itangazo yasomeye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu itariki 22 Nyakanga. Akavuga kandi ko hariko harakorwa amatohoza y’abagize ibitero vy’ama grenade biheruka guterwa kuri uyu wa mbere mu gisagara ca Bujumbura n’i Gitega.