Amakuru
28 décembre 2023

Ba basirikare 28 bakurwa mw’ikambi y’abasirikare mu Cibitoke bategerezwa gukingirwa (M.L. Baricako)

Iminsi 12 irarumanye abasirikare 28 bakuwe aho bari bapfungiwe mw’ikambi yo mu ntara ya Cibitoke. Abo basirikare bakaba bari muri bamwe banka kurwana n’umuhari M23 muri Congo. Iyo bajanywe kugeza ubu hakaba hataramenyekana. Ivyo bikaba biteye impungenge umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Marie Louise Baricako awurongoye, aragabisha ubutegetsi ko icobashikira bazokibazwa. Agasaba abategetsi kuva mu gacerere bakavuga iyo bajanywe, hanyuma bagakingirwa. Uwo muhari nyene uboneraho n’akaryo ko gusemerera ku basirikare bose bapfunzwe bazira ko banse kurwanya M23. Ako kamo kakava ko bivugwa ko bafashwe nabi. Marie Louise Baricako agasaba ko uburenganzira bwabo bwubahirizwa nka kiremwa muntu.