Amakuru
19 septembre 2023

APRODH isaba irekurwa ry’abantu bagipfunzwe kandi barejejwe n’ubutungane

Abantu barenga 168 ni bo bamenyekanye mu matohoza y’ishirahamwe APRODH ko bapfunzwe mu mabohero yo mu Burundi kandi barejejwe n’ubutungane. Abo bose bakaba bagipfunzwe kubera ubuyobozi bw’amabohero mu Burundi ari bwo bwirengagiza gushira mu ngiro ingingo y’ubutungane. Pierre Claver Mbonimpa, arongoye ishirahamwe APRODH, avuga ko ivyo biva ku nzego zimwe zimwe za leta zikora zisunze amategeko ava ahandi zikirengagiza ingingo y’ubutungane. Agasaba leta gukora ibishoboka vyose abo bantu bakarekurwa.