Amakuru
1 mars 2024

Angeline Ndayishimiye arashobora gusaba guhagarika kurungika abasirikare muri Congo (Inamahoro)

Angeline Ndayishimiye ahamagarirwa gufasha kugira irungikwa ry’abasirikare n’urwaruka muri Congo kurwanya M23 rihagarare. Ako kamo kari mw’ikete yandikiwe n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Umupfasoni w’umukuru w’Igihugu c’Uburundi akaba yatewe ako kamo nk’uwurongoye ishirahamwe riharanira amahoro ry’abakenyezi b’abakuru b’Ibihugu muri Afrika, MIPREDA. Ku bwa Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, ivyo Angeline Ndayishimiye ahamagarirwa gukora biri mu vyo MIPREDA yiyemeje, kugira umugabane wa Afrika ugire amahoro.