Amakuru
27 avril 2023

Amatohoza ya Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ageze kure kandi abakoze amabi bazoshengezwa

Abakozweko n’amabi y’agahomerabunwa yakozwe kuva mu mwaka w’2015 borema, kuko amatohoza ku manza zabo ziri muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ageze ku ntambwe ishimishije. Bivugwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye ihuriro ry’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi ahanwa n’amasentare mpuzamakungu (CAVIB). Arabahumuriza ko n’aho vyabaye mw’ibanga ntangere, intahe bitebe bitebuke izofata ijambo.