Amakuru
11 mars 2022

Amatati hagati ya leta y’Uburundi n’ishirahamwe BMM azotorerwa inyishu n’urwego ruzobumvikanisha

Leta y’Uburundi iheruka guhagarika amasezerano yateyeko igikumu hamwe n’ishirahamwe Burundi Mining Metallurgy. Ayo masezerano yahaye uburenganzira ishirahamwe BMM bwo gucukura nickel imyaka 25, ariko akaba ahagaritswe haheze imyaka 8 ateweko igikumu. Kubw’umushingwamanza Yves Runyagu, yanonosoye ivy’amategeko ajanye n’ubucuruzi, ngo Leta y’Uburundi yitege intambara ikomeye y’amategeko, kubera ko iryo shirahamwe ritegerezwa kwitwarira Uburundi, kandi ko bene ayo mashirahamwe aba afise abayaburanira b’ibihangange.