Amakuru
28 septembre 2023

Amashirahamwe y’indege mu Burundi yatanguye kugurisha amatike mu mafaranga y’agaciro

Kuva kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 27 Nyakanga, amatike y’abafata indege zikorera mu Burundi ategerezwa kugurishwa mu mafaranga mvamakungu. Ivyo biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’amashirahamwe Kenya Airways, Ethiopian Airlines, Rwandair na Brussels Airlines. Iyo ngingo ikaba ihagaritse umutima ishirahamwe OLUCOME kuko ribona ko igiye gukora ku Barundi bahora bafata ingendo baciye mu kirere, na rirya kugira uronke amafaranga mvamakungu mu gihugu ari ikibazo gikomeye. Ku bwa Gabriel Rufyiri arirongoye, ngo bizotuma n’amafaranga yo kw’isoko yo mu kinywabi, bita marché noir, aduga cane. Asaba leta y’Uburundi kwihutira gutorera umuti ico kibazo c’amafaranga y’agaciro kugira ejo ntihagire abandi badandaza bafata mwene izo ngingo ku gutinya guhomba.