Amashirahamwe y’abunguruza abantu mu modoka ntiyemerewe gutoza amafaranga batabikoreye mu kazi kabo. Iyo ngingo yafashwe na Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. Akabona ko ayo mafaranga batoza atera akajagari kandi ko bikwiye guhagarara. Ku ruhande rw’ishirahamwe rirwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta (OLUCOME), ngo uwo mushikiranganji akwiye kurabira mu bategeka muri ubwo busuma n’igiturire kivugwa muri ico gisata.
Amakuru
22 mars 2021