Amakuru
28 juillet 2022

Amashirahamwe y’abakenyezi avuga iki kubona ata tegeko rihari rigenga ugutorana mu Burundi ?

Ugutorana mu Burundi ntigukorwa hisunzwe itegeko, kuracisunga umuco n’akaranga vy’ikirundi. Ariko rero ivyo na vyo bituma iyo mico n’akaranga bicinyiza cane cane umukenyezi, kuko bisanzwe bidafata kumwe abana b’abakobwa n’abahungu. Ivyo binegurwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Aributsa ko integuro y’itegeko igenga ivyo gutorana iri imbere y’Inama nshingamateka kuva mu 2004, ariko abategetsi ntibigere bashiramwo inguvu ngo ritorwe kandi ryemezwe.