Amakuru
20 janvier 2022

Amashirahamwe nka CVR ntiyari akwiye kuja mu bikorwa bijanye na politike

Amasengesho atunganywa n’umugambwe CNDD-FDD ngo ntiyari akwiye kwitabirwa n’imirwi yitwa ko yigenga. Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye Urunani rw’Abarundi b’intungane (RCP) amenyesha ko ukwitabira ayo masengesho kw’umurwi nka CENI ujejwe gutunganya amatora, hamwe n’umurwi CNIDH ujejwe agateka ka zina muntu, vyerekana ko ikoreshwa n’umugambwe uri ku butegetsi, idashobora rero guheza ngo itunganirize Abarundi bose. Gervais Nibigira yongera akavuga ko ayo masengesho agiye kumara iminsi 4 azogira ingaruka mbi ku buzima bw’ubutunzi bw’igihugu n’ubw’Abarundi.