Uwuserukira Uburundi i Geneve aremeza ko agateka ka zina muntu kifashe neza mu Burundi. Rénovat Tabu akaba yabishikirije kuri uyu wa kane igihe umurwi w’amatohoza wa ONU ku Burundi wariko urashikiriza icegeranyo umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu. Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu akaba yarashikirije ingene agateka ka zina muntu kifashe muri iki gihe. Umushingwamanza Armel Niyongere, yaramenyesheje ko agateka ka zina muntu kaguma gatituka, inzego za Leta zirorera zigakoreshwa gusa mu guhohotera abanyagihugu.
Amakuru
12 mars 2021