Amakuru
24 avril 2023

Général Bunyoni akwiye gushengezwa imbere ya CPI ku vyaha vy’ubwicanyi yikekwako

Urunani rw’abashingwamanza baburanira abituye sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye, rurashima ifatwa rya général Alain Guillaume Bunyoni asanzwe avugwa n’abo bitwaye, nk’umwe mu bagize uruhara mu bwicanyi bwabaye mu mwaka w’2015 igihe hariko haraba imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza. Umushingwamanza Armel Niyongere, umwe mu bagize urwo runani, agasaba ko urubanza rwa Alain Guillaume Bunyoni rwoba hakurikijwe amategeko.