Amakuru
19 octobre 2022

Amashirahamwe 28 yigenga asaba ishirwa mu ngiro ry’ingingo iheruka gufatwa na Sentare ya EAC

Inyuma y’ingingo yafashwe na Sentare ya Afrika y’Ubuseruko yemeza y’uko ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kitari gikurikije amategeko, amashirahamwe 28 adaharanira ivyicaro vya politike yandikiye umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, ari na we arongoye Inama y’abakuru b’Ibihugu vy’umuryango wa EAC, amusaba gushira mu ngiro iyo ngingo yubahiriza Ibwirizwa nshingiro ryo mu 2005 n’Amasezerano ya Arusha. Kubw’umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize, yavuze kw’izina ry’ayo mashirahamwe, ngo umukuru w’Igihugu Ndayishimiye bizomuha akaryo ko gufata ibintu mu minwe kugira ashobore kunywanisha Abarundi biciye mu biganiro bihuza impande zose, ivyo na vyo ngo bikazotuma ibihumbi vy’Abarundi bahunze batahuka ataco binona.