Amakuru
4 mai 2024

Amashirahamwe 19 adaharanira ivyicaro vya politike arasaba irekurwa ry’abamenyeshamakuru bapfunzwe

Kw’igenekerezo rya 03 Rusama, amakungu arahimbaza Umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru. Kuri uno munsi, amashirahamwe 19 adaharanira ivyicaro vya politike mu Burundi yasohoye urwandiko rusaba irekurwa ry’abamenyeshamakuru Floriane Irangabiye na Sandra Muhoza bapfunzwe ku karenganyo. Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, akaba yavuze kw’izina ry’ayo mashirahamwe, asaba kandi leta gutanguza vuba amatohoza yigenga kw’iburwa irengero ry’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana hamwe n’igandagurwa ry’umuryango wa Christophe Nkezabahizi.