Agriculture
14 juillet 2022

Amashirahamwe 15 akorera mu gisata c’ikawa aragirizwa kwiba abarimyi b’ikawa

Amashirahamwe 15 akorera mu gisata c’ikawa, yambura abarimyi b’ikawa aragabishwa. Vyamenyeshejwe na Dr Déo Guide Rurema, umushikiranganji w’Uburimyi n’ubworozi, hari kuri uyu wa kabiri igihe hatanguzwa isekeza ry’igihugu ryo gukata no gusasira ivyatsi igiterwa c’ikawa ku mutumba Gashinge, wa komine Musigati mu ntara ya Bubanza. Déo Guide Rurema akaba yahaye ayo mashirahamwe ikiringo c’indwi imwe kugira abe yikebutse, atari uko ngo ikawa yayo ikazogurishwa icamunara kugira abarimyi batunganirizwe.