Amasanamu menshi yarerekanye abakenyezi n’abagabo bashiriye amashikanwa y’ubwoko butandukanye umuryango w’umukuru w’Igihugu mu gihe hariko harasozerwa amasengesho yo gushimira Imana yabereye mu ntara ya Mwaro, hahimbazwa imyaka ine umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi. Ivyo bikaba bishitse mu gihe kitoroshe c’ubukene igihugu kirimwo, kirangwa n’ubukene bw’igitoro n’iduga rinini ry’ibiciro vy’ivya nkenerwa.
Amakuru
27 juin 2024