Amakuru
27 juin 2021

Amasezerano y’i Cotonou ahagaze ahanini ku bijanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu

Si umuryango w’ibihugu vya Buraya butegeka leta y’Uburundi kwubahiriza agateka ka zina muntu, ahubwo ni amasezerano y’i Cotonou Uburundi bwashizeko umukono abitegekanya. Ivyo ni ibisigurwa na Emmanuel Nkengurutse, umuhinga mu bijanye n imigenderanire y’ibihugu. Akibutsa ko ayo masezerano ahanini ahagaze ku bijanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu kandi ari naco bafatirako kugira igihugu kironke imfashanyo y’umuryango w’ibihugu vya Buraya. Emmanuel Nkengurutse agatangazwa n’uko umushikiranganji w’imigenderanire Albert Shingiro yigira nk’uwutazi ko ariko bimeze.