Amakuru
1 septembre 2021

Amasezerano ya Arusha, umushinge w’ugusubiza hamwe ku Barundi

Amasezerano y’amahoro ya Arusha yamye ari ngirakamaro mu gusubiza hamwe kw’Abarundi, n’aho hari ababona ko atikwije kugira atorere umuti nyawo w’ingorane hagati y’Abarundi. Ivyo ni ibishikirizwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Ayo masezerano akaba yarafashije cane kugira abakenyezi banywane, babone ko bategerezwa kuja hamwe mu rugamba rwo kurwanira agateka kabo.