Amakuru
10 mars 2023

Amasezerano n’ibihugu vyo mu karere ka Golfe azotuma abaja gusabayo akazi bakingirwa

Umushikiranganji w’Imigenderanire Albert Shingiro asaba urwaruka ruja kurondera akazi mu bihugu vya Golfe kurindira ishirwa mu ngiro ry’amasezerano abakingira yamaze gushirako umukono na bimwe muri ivyo bihugu. Yabishikirije kuri uyu wa kabiri muri Qatar, aho yari ahejeje gushira umukono kuri ayo masezerano n’umushikiranganji w’Akazi w’ico gihugu kugira ashobore gukingira Abarundi baja gukorayo. Akemeza ko azogerageza akagira ben’ayo masezerano n’ibindi bihugu vyinshi vy’ako karere ka Golfe. Umugambi wa leta y’Uburundi akavuga ko ari uko n’imiburiburi mu myaka itatu canke 4 iri mbere hazoba hamaze gushika muri ivyo bihugu Abarundi bagera ku bihumbi ijana.