Amakuru
3 mars 2021

Amaleta ategerezwa kurungika abaganga b’abahinga bagakorana n’ishirahamwe mpuzamakungu OMS kugira barabe ko incanco zizotangwa mu mugambi Covax zimeze neza

Amaleta ategerezwa kurungika abaganga b’abahinga bagakorana n’ishirahamwe mpuzamakungu OMS kugira barabe ko incanco zizotangwa mu mugambi Covax zimeze neza. Ako ni akagohe ka Côme Konakuze, umuhinga mu bijanye n’indwara z’ivyaduka. Aho n’inyuma y’uko OMS imenyesheje ko izoshumbusha abantu bashobora kuzogira ingaruka mbi zivuye kuri izo ncanco.