Guhimiriza amakungu kugira yikubite agashi afate ku rugero rumwe abagabo n’abakenyezi, abigeme n’abahungu. Ni yo yari intumbero y’inama mpuzamakungu y’abakenyezi yabereye mu gisagara ca Kigali mu Rwanda kuva ku wa 17 kugeza ku wa 20 Mukakro. Bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, yari yitavye iyo nama. Amenyesha kandi ko abakenyezi bayitavye bahurije ko hagikenewe ugushaka kwa politike kw’ibihugu kugira ugukumira abakenyezi gucibwe.
Amakuru
22 juillet 2023