Amakuru
22 juin 2021

Amakungu yari akwiye gukora ibishoboka vyose kugira impunzi zisubire gutangura ubuzima gushasha

Igenekerezo rya 20 Ruheshi uko umwaka utashe, ni umusi mpuzamakungu wahariwe impunzi. Uwo musi washinzwe mu ntumbero yo guhimiriza amakungu ngo atahure ibibazo impunzi ziba zirimwo. Antonio Guterres, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mw’ijambo ryiwe ry’uwo munsi, yaribukije ko ari ngombwa gufasha impunzi gusubira kwitunganya gushasha. Yaboneyeho no kwibutsa  ko kino gihe isi yugarijwe n’ikiza ca Corona, vyagaragaye ko bantu bose bakwiye gufatana mu nda.