Amakuru
30 décembre 2021

Amakoraniro ateguwe n’ubutegetsi bw’Uburundi mu gihe hari ubwoba bw’ikiza ca Corona

Mu gihe ikiza ca Corona kiriko kiriyerekana bidasanzwe mu Burundi, abategetsi b’Uburndi bo, bariko bakora igikorane gihuriramwo abantu isinzi bakirengagiza ico kiza. Bivugwa na Juliette Nijimbere, aharanira agateka ka zina muntu. Juliette Nijimbere agahamagarira Abarundi bose kwirinda ico kiza ca Corona, akabasaba n’uko bokwicandagisha kuko biri mu buryo bwo kwirinda uwo mugera.