Amakuru
31 mai 2021

Amajambo yashikirijwe na Gélase Ndabirabe ni ayo kugomorerako Imbonerakure abaherutse kurekurwa mu mabohero

Amajambo yashikirijwe n’umukuru w’inama nshingamateka ku wa gatatu w’inwi iheze, aho yagirije abaherutse kurekurwa mu mabohero ko aribo batera ama grenades mu gisagara ca Bujumbura, ni ayo kubagomorerako  Imbonerakure. Pierre Claver Mbonimpa, arongoye APRODH, akavuga ko ari akamaramaza kubona umutegetsi wo hejuru mu gihugu nk’umukuru w’inama nshingamateka avuga imvugo nk’iyikunda gukoreshwa na Gélase Ndabirabe.