Amakuru
16 juin 2023

Amafaranga leta izokoresha nta ho ahuriye n’ivyipfuzo vy’uko yokwisunga imigambi yategekanijwe

Integuro y’itegeko yemejwe n’Inama nshingamateka irakwiye gusubirwamwo kugira hakosorwe utunenge tumwe tumwe tutubahirije ihangiro ry’umukuru w’Igihugu mu gutegekanya amafaranga ajanye n’imigambi. Ishirahamwe rirwanya isesagurwa ry’amatungo ya leta n’ibiturire, OLUCOME, rikaba rifatira kw’iduzwa ry’amafaranga azokoreshwa na leta yadugijwe ku bice birenga 68%, mu gihe amafaranga azoshirwa mu vyunguka yadugijwe ku bice 30% gusa, amafaranga yose hamwe leta izokoresha akaba yadugijwe ku bice birenga 46% ufatiye ku yari ategekanijwe gukoreshwa muri uyu mwaka turiko turasozera w’2022 ushira uw’2023.