Amakuru
22 mars 2021

Amabi yo guhohotera n’ukwica akorwa n’inzego z’umutekano mu ntara ya Rumonge, arashirwa ahabona n’ishirahamwe IDHB

Amabi yo guhohotera n’ukwica akorwa n’inzego z’umutekano mu ntara ya Rumonge, arashirwa ahabona n’ishirahamwe rikurikirana ibijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi. Mu cegeranyo ryasohoye kuri uyu wa mbere, IDHB riragaruka ku bwicanyi bwagiriwe abagabo babiri bavuka muri komine ya Burambi, mu ntara ya Rumonge. Egide Sindayigaya hamwe na Déogratias Niyongabo bakaba bishwe basanzwe bari mu minwe y’abajejwe umutekano mu kwezi kwa mbere uyu mwaka.