Ino tariki ya 19 Ruheshi yagenewe kurwanya amabi afatiye ku gitsina akorwa mu bihe vy’intureka kw’isi. Mu Burundi ngo ayo mabi yarakozwe kandi cane. Bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Akaba yiyamiriza ukudahana abayakora. Ivyo na vyo kuri we ngo bigatuma uwabikorewe, ubuntu bwiwe butituka. Marie Louise Baricako akaba ahamagarira leta, na cane cane umukuru w’Igihugu, guhagurukira ayo mabi.
Amakuru
19 juin 2023