Amakuru
22 février 2024

Amabi afatiye ku gitsina ari mu yatuma abana b’abigeme baheba amashure

Amabi afatiye ku gitsina akorerwa abana b’abigeme hamwe n’ukudahana abayakoze, biri mu bituma abana b’abigeme baheba amashure. Ukwo ni ko bibonwa n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, mu kamo gaca mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’abakenyezi ». Jacqueline Habonimana, ari muri uwo muhari, aribaza impamvu ayo mabi adahanwa kandi amategeko atomoye kuri ivyo vyaha. Agahamagarira abavyeyi b’abigeme bakorerwa ayo mabi kuza baritura ubutungane hako baja mu vyo kwumvikana n’abakoze icaha.