Amakuru
23 juillet 2021

Amabarabara amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura aratanguye kwugururwa inyuma y’amezi hafi 3 yugawe

Amabarabara amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura aratanguye kwugururwa inyuma y’amezi hafi 3 yugawe kubera amazi y’ikiyaga Tanganyika yari yaduze gushika mu ma kartiers yegereye inkengera z’ikiyaga. Kuri uyu wa gatatu, Jimmy Hatungimana, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, yaruguruye ibarabara ryitiriwe ubuyapani rica musi y’ikivuko ca Bujumbura. Akaba yavuze ko iryo barabara ryuguruye kuko amazi ariko aragabanuka.