Amakuru
25 juin 2022

Amabanki ya Afrika arakeneye imitahe minini kugira ashobore gukora ata nkomanzi

Ishirahamwe ry’amabanki ya Afrika ryaruguruye ku munsi wa kane i Bujumbura, inama igira 32 yo kwigira hamwe ibibazo bihanze igisata c’amabanki muri Afrika. Ku bwa Sylvère Bankimbaga, arongoye iryo shirahamwe, ngo ingorane ziri mu mabanki ya Afrika ntizishobora gutorerwa umuti mu gihe zidashizwemwo imitahe minini minini kugira zishobore gukorana n’ayandi mabanki yo ku yindi migabane.