Agriculture
24 février 2023

Abarundi bakwiye kugwiza umwimbu kugira baze baronke ivyo bashora mu bindi bihugu

Leta zigize ubumwe bwa Afrika zisabwa gukora imwe imwe ibiyiraba kugira hashirwe mu ngiro akarere ko guhanahana ibidandazwa ku mugabane wa Afrika. Vyashikirijwe n’umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye avuye mu nama igira 36 y’abakuru b’Ibihugu vya Afrika ku munsi wa mbere. Evariste Ndayishimiye agasaba Abarundi kugwiza umwimbu kugira baze baronke ivyo bashora muri iryo soko.