Amakuru
14 mai 2022

Akaruhuko ko kuvyara gakwiye kwubahirizwa ku mushahara mu buzi bwose

Umukenyezi w’Umurundikazi ntakingiwe bihagije n’amategeko iyo yibungenze canke yonsa. Binegurwa na Jacqueline Habonimana, ari mu muhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Ngo n’ikimenyamenya iyo ahagaritse akazi kubera kwibungenga canke kwonsa, amategeko ntamuha indishi co kimwe n’uwundi muntu ahagaritse akazi kubera indwara, nk’uko bitegekanywa n’amategeko y’akazi.