Amakuru
16 août 2023

Akanovera k’inyigisho karatitutse ariko umushikiranganji w’Indero we ntavyemera

Uburundi bwiyemeje gushika ku ntabwe yo kuba igihugu kiri mu nzira y’amajambere mu mwaka w’2040 hamwe no kuba igihugu giteye imbere mu mwaka w’2060. Igisata c’indero ni kimwe mu nkingi leta yiyemeje gushimikirako. Ariko n’aho biri uko, abavyeyi n’abigisha ntibasiba kwidoga ko akanovera k’indero kaguma gatituka.

Mbe none abegwa n’indero muri leta ni ko babibona?

Hoba hari ibigiye gukorwa mu bushikiranganji bw’Indero kugira indero igarukirwe maze akanovera kagaruke ?