Amakuru
3 janvier 2024

Akamo ka Ndayishimiye ko kwica abahuza ibitsina babisangiye karateye isoni (Me Janvier Bigirimana)

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi abona ko abahuza ibitsina babisangiye bakwiye kwicwa. Yabishikirije mu ntara ya Cankuzo ku wa gatanu uheze ariko yishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu. Ariko bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu babona ko ivyashikirijwe na Evariste Ndayishimiye ari agahomerabunwa.

Abategetsi b’Uburundi mbere n’abanyagihugu bokwigenza gute inyuma y’ayo majambo abiba urwanko yashikirijwe n’umukuru w’Igihugu ?