Amakuru
17 juillet 2021

Akamaro k’ibikorwa vya « état civil » mu mibano (umuhari Inamahoro)

Mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’Umukenyezi » dushikirizwa n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, uyu munsi batuyagira ku kamaro k’inzandiko z’ivyangombwa zandikishwa mu biro vya Leta, ivyo bita « Etat Civil ». Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, akavuga ko izo nyandiko ari nka rusansuma rwamaho igihugu gishobora gufatirako mu gutegekanya imigambi y’iterambere.