Amakuru
15 novembre 2023

Agacerere k’ubutegetsi ku basirikare bapfira muri Congo gafise ingaruka mbi (umuhari Inamahoro)

Umuhari M23 umenyesha ko wishe wongera urafata bamwe mu basirikare b’Uburundi bambitswe imyambaro y’igisirikare ca Congo. Hari ku munsi w’Imana igenekerezo rya 5 Munyonyo mu ntambara hagati y’umuhari M23 hamwe n’igisirikare ca Congo gifatikanije n’iyindi mihari irwanira ku butaka bwa Congo. Mw’itangazo igisirikare c’Uburundi casohoye inyuma y’iminsi mike, nta co cigeze kivuga ku vyoba vyarashikiye abasirikare b’Uburundi muri Congo. None ako gacerere k’abategetsi ku vyashikiye abasirikare b’Uburundi koba kava ku ki ?