Ikibazo co kwigenga mu bijanye no gufungura kirihutirwa mu gihe ibihugu vya Afrika bihanzwe n’ibibazo birimwo ihindagurika ry’ibihe, ibiza vy’indwara hamwe n’intambara. Ico ni icipfuzo c’umukuru w’Igihugu ca Sénégal igihe hugururwa kuri uyu wa kane inama ku bijanye n’ugufungura muri Afrika. Iyo nama yitabwe n’abakuru b’ibihugu 16, harimwo n’uw’Uburundi. Ku bwa Macky Sall, umugabane wa Afrika ufise itunga ryinshi mu gisata c’uburimyi ariko haracabura ugushaka kw’indongozi.
Agriculture
28 janvier 2023