Amakuru
24 juin 2021

ACAT-Burundi isaba ko Germain Rukuki akarekurwa bidatevye

Ishirahamwe ACAT-Burundi rirwanya isinzikazwa rya kiremwa muntu riranezerezwa n’ingingo ya sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa kuri dosiye ya Germain Rukuki. Iyo nayo yaragabanije umunyororo w’imyaka 32 yari yaciriwe, imucira gufungwa umwaka umwe n’ihadabu y’amafaranga ibihumbi 50 vy’amarundi. Mw’itangazo yasohoye kuri uyu wa gatatu, ACAT-Burundi isaba ko iyo ngingo yoca ishirwa mu ngiro, akarekurwa bidatevye.