Amakuru
17 mars 2023

ACAT-Burundi isaba abarongoye ibohero rya Bubanza kwubahiriza uburenganzira bwo kwivuza ku bapfungwa

Abanyororo bakitswe n’amagara bo mw’ibohero rikuru rya Bubanza baba bipfuza kuja kwivuriza hanze y’ibohero, ntibakironswa uruhusha rwo kuja kwa muganga. Iyo ngingo ikaba yafashwe n’uwurongoye igisata c’imibano muri iryo bohero. Aho ni inyuma y’aho hari umunyororo yatorotse kw’igenekerezo rya 27 Ruhuhuma yari yagiye kwa muganga. Ishirahamwe rukristu ACAT-Burundi rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ribona ko kwankira umunyororo akitswe n’amagara kuja kwivuza ari ihonyangwa ry’agateka k’umurwayi. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT-Burundi, asaba ubuyobozi bukuru bujejwe amabohero gukurikiranira hafi ico kibazo.