Amakuru
28 décembre 2023

ACAT-Burundi iriyamiriza igitero cabaye mu Gatumba, kigahitana ubuzima bw’abantu 20

Ishirahamwe ACAT-Burundi rirababazwa n’ubwicanyi bwahitanye abantu 20 mu gitero cabaye mu gace ka Vugizo, zone Gatumba, komine Mutimbuzi ku wa 22 Kigarama. Anitha Gateretse, umuhuzabikorwa akaba ajejwe n’imigambi muri ACAT-Burundi, abona ko ata mvo n’imwe yosigura ikoreshwa ry’ingimba nk’inzira yo gusaba inyungu zijanye na politike. Agahamagarira impande zose ziri mu matati guhurira ku ntebe y’ibiganiro kugira hakingwe intambara.