Amakuru
25 avril 2023

ACAT-Burundi iremeza ko abapfungwa bahora bamara igihe kinini bataronswa ibifungurwa

Insiguro itangwa n’ubushikiranganji bw’Ubutungane ko abapfungwa baronswa ibipfungurwa bikwiye mu mabohero y’igihugu, ntifashe na gato, kuko bimaze kwibonekeza ko hashobora guhera ikiringo kinini abanyororo bataronkejwe ibifungurwa. Bishikirizwa n’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ACAT-Burundi. Ku bwiwe, ngo hiyongereyeko abandi, leta yari ikwiye kurondera ubundi buryo bugenewe gufasha bashasha, aho kuyagabanya barenga amategeko.