Amakuru
7 février 2023

ACAT-Burundi iranegura ugukwega amaguru mu guca imanza ziri imbere ya sentare ntahinyuzwa

Ishirahamwe rukristu ryishinze kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi) rirahagaritswe umutima n’ingene imanza zimara igihe kirekire muri sentare ntahinyuzwa zitariko ziraburanishwa. Iryo shirahamwe rigafatira akarorero ku rubanza rw’abasirikare bakurikiranwa mu rubanza rujanye n’ibitero vyo kw’ikambi ya Mukoni mu ntara ya Muyinga, batarigera bumvirizwa kuva mu mwaka w’2018, haraheze imyaka itanu. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, asaba umukuru w’iyo sentare gufata ingingo zose zishoboka kugira imanza zose z’ibirarane zicibwe.