Amakuru
6 mars 2024

ACAT-Burundi iranegura ipfungwa ry’abanyororo bobaye bararekuwe

Ingingo zafatiweko kugira mu minsi iheze harekurwe abanyororo barenga 500 ntizumvikana. Igituma ni uko hakiriho abanyororo injojo bagipfunzwe kandi bamwe barahejeje ibihano vyabo, abandi barejejwe n’ubutungane, hakaba n’abahawe ikigongwe n’umukuru w’Igihugu. Ivyo bivugwa n’ishirahamwe rukristu ACAT-Burundi tirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, mu rwandiko ryasohoye ku munsi wa mbere rifatiye kuri iryo rekurwa ryabaye kw’itariki 17 Ruhuhuma. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, aratanga uburorero butari buke bw’abo banyororo bagipfunzwe bategerezwa kuba bararekuwe. Arongera agasaba ko irekurwa ry’abanyororo ryobandanya kugira amabohero asigarane bake.